Amakuru
14 octobre 2023

UPRONA isaba urwaruka kugendera kw’iragi rya Rwagasore kugira bashike ku kwikukira nyakwo

Urwaruka ruhamagarirwa kugendera ku karorero k’umuganwa Ludoviko Rwagasore. Ako kamo gaterwa na Olivier Nkurunziza, arongoye umugambwe UPRONA ucuditse na leta. Abivuze mu gihe Abarundi baramutse bibuka kuri uno wa 13 Gitugutu imyaka 62 iheze Rwagasore agandaguwe. Olivier Nkurunziza akavuga ko ivyo Rwagasore yaharanira kugeza ubu Uburundi butarabishikako.