Amakuru
3 novembre 2023

UBJ isaba irekurwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye vuba kandi ata gisabwe

Itariki 2 Munyonyo, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ukudahana kw’amabi akorerwa abamenyeshamakuru. Mu Burundi bikaba vyibonekeza ko abamenyeshamakuru bakigeramiwe n’amabi atandukanye. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru UBJ. Alexandre Niyungeko, arongoye iryo shirahamwe, mu burorero atanga hakaba harimwo Floriane Irangabiye avuga ko apfungiwe ubusa, asaba ko yorekurwa ata gisabwe.