Amakuru
16 septembre 2022

Sentare y’iyungururizo ya EAC yemeje ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza cahonyanze amategeko

Sentare y’iyungururizo ya Afrika y’Ubuseruko yaraye yemeje ko Petero Nkurunziza yahonyanze Ibwirizwa nshingiro mu kwitoza ubugira gatatu. Iyo ngingo yashizwe ku mugaragaro n’iyo sentare ku munsi wa gatatu itariki 14. Ubu rero nta mpari zigishobotse kuri ico kibazo. Ayo ni yo majambo umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize yakoresheje mu gushima iyo ngingo. Ari mu bari bitwaye muri sentare ya EAC barwanira iyubahirizwa ry’Ibwirizwa nshingiro. Iyo sentare yararuciye incuro zibiri yerekana ko abitwaye batari mu kuri. Ni ko guca bunguruza. Dieudonné Bashirahishize akaboneraho akaryo ko gukubitira akagohe leta y’Uburundi ko yokwisubirako, igahindura ingendo ku bo yarimaze imyaka 7 ivuga ko ari abansi b’Uburundi kubera bashaka ko amategeko yubahirizwa.