Amakuru
25 septembre 2021

RED-TABARA si umurwi w’iterabwoba, urafise ivyo usaba vyumvikana

Alexis Sinduhije yamirira kure ivyo yagirizwa n’umushikirizamanza kizigenza Sylvestre Nyandwi, akaba amwagiriza kuba arongoye umurwi w’iterabwoba umaze iminsi utera ama grenades. Sinduhije avuga ariko ko ashigikiye umugambi w’abashaka gutembagaza ubutegetsi nka RED-TABARA kuko uwo mugambi bawuhurizako n’umugambwe arongoye MSD. Ku bwiwe, ibiganiro bihuza bose nivyo vyofasha kugira amahoro n’umutekano bigaruke. Ijwi ryiwe tukaba turikesha iradiyo y’abadagi DW.