Amakuru
18 juin 2024

Ibihe bibi Uburundi burimwo vyavuye ku birabira gusa ata co bakora (A. Sinduhije)

Ibihe bitagira izina Uburundi bugezemwo, si amakosa ya Nkurunziza canke Ndayishimiye, ni amakosa yacu kubera twavyemeye. Uyo ni Alexis Sinduhije, arongoye umugambwe MSD, anegura uko ibintu vyifashe. Akaba abivuze mu gihe itariki 18 Ruheshi Evariste Ndayishimiye azoba ahwanije imyaka ine ari ku butegetsi. Alexis Sinduhije akavuga ko yari yaraburiwe ko amabi Ndayishimiye azokorera Uburundi aruta kure ayo Nkurunziza yakoze.