Amakuru
17 mars 2023

Politike n’amacakubiri mu mupira w’amaguru bitegerezwa kuranduranwa n’imizi

Politike, amacakubiri, biri mu mabi akomeye ategerezwa kuvirwa hasi akarwanywa. Ako ni akamo katewe na Paul Kagame. Umukuru w’Igihugu c’Urwanda yabivugiye mu nama rukokoma igira iya 73 y’Ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA, ryabereye i Kigali ku munsi wa kane itariki 16 Ntwarante. Muri ivyo bikorwa nyene, ni ho Gianni Infantino yatorwa kugira abandanye amabanga yo kurongora FIFA.