Amakuru
12 juin 2021

Petero Nkurunziza ntiyari abereye gufatwa nk’intwari

Biratangaje kubona umugambwe uri ku butegetsi wita Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi imboneza yamaho mu gukunda igihugu mu gihe intwaro yiwe yaranzwe n’ubwicanyi hamwe no gusenyura amasezerano ya Arusha. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, aserukira umuhari mpuzamakungu Tournons la Page mu Burundi. Kubw’uwo muhari, Pierre Nkurunziza ni umuhemu yahemukiye Uburundi n’abarundi, ntiyari abereye gufatwa nk’intwari.