Amakuru
28 janvier 2023

Floriane Irangabiye n’abandi baharanira agateka ka zina muntu bapfunzwe muri Afrika ni barekurwe

Abasemerera kugira umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye arekurwe babandanya bibonekeza. Akarorero ni umuhari uharanira impinduka muri Afrika, Tournons la Page. Inyuma y’inama y’abawuhurikiyemwo yamaze iminsi ine ikaba yasozerewe uno munsi i Cotonou muri Bénin, uwo muhari wasohoye urwandiko rutera akamo ko abapfunzwe bose ku mugabane wa Afrika bazira kurwanira agateka ka zina muntu na demokarasi, borekurwa.