Amakuru
28 mai 2021

Paul Kagame yashimye intambwe ikomeye Ubufaransa bwakoze mu kwemanga uruhara bwagize mw’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda

Paul Kagame nawe yashimye intambwe ikomeye igihugu c’Ubufaransa cakoze mu kwemanga uruhara cagize mw’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda. Kubw’umukuru w’igihugu c’Urwanda, ukuri kurakiza, kandi kwari ngombwa kugira ivyo bihugu bibiri bisubire kunywana. Ariko Paul Kagame akaba yashimiye cane mugenzi wiwe Emmanuel Macron ku ruhara rudasanzwe yagize kugira ukuri kuje ahabona mu kwitanga yivuye inyuma.