Amakuru
27 septembre 2022

Parike ya Muha iriko ikora ibishoboka, kugira iteshe agaciro inama ya bose iheruka ya Kira Hospital

Batatu mu banyamitahe b’ibitaro Kira Hospital bakiri mu Burundi, harimwo na Muganga Christophe Sahabo apfunzwe, barengutse imbere y’abashikirizamanza ba parike ya Muha kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 Nyakanga. Bakaba basambishijwe ku bijanye n’inama y’abanyamitahe bose b’ivyo bitaro yabaye ku wa 8 Nyakanga 2022. Umushingwamanza Gustave Niyonzima, akwirikiranira hafi iyo dosiye, avuga ko ukwo guhamagarwa kwoba gufise intumbero yo gutesha agaciro ivyapfunditswe muri iyo nama ya bose. Ku bwiwe, parike ya Muha yahonyanze amategeko kuko ata bubasha ifise bwo kuja muri iyo dosiye, kandi ivyo birabwa na sentare y’ubudandaji.