Amakuru
17 avril 2024

PARCEM iragabisha leta ku kibazo kijanye n’ikena ry’igitoro mu Burundi

Leta y’Uburundi ikwiye gutorera inyishu burundu ikena ry’igitoro riguma ryibonekeza mu Burundi kuko biriko biratosekaza isura y’igihugu. Ako ni akamo gasubiye guterwa n’ishirahamwe PARCEM mu mwihwezo ryagize kuri uyu munsi wa mbere ku bijanye n’ikena ry’igitoro ryabaye ndanse mu gihugu. Faustin Ndikumana arirongoye akibutsa abatwara igihugu ko ata terambere bashobora gushikako mu gihe hacibonekeza ikena ry’igitoro mu gihugu. Ku bwiwe, leta ikwiye kuhagabira bimwe bikomeye ikarondera imfashanyo y’amahera mvamakungu kuko hari imigambi myinshi y’igihugu iriko irononekara kubera ikena ry’amafaranga y’agaciro.