Amakuru
7 mai 2022

PAFE irahumuriza abashaka impapuro z’inzira ko bozisabira ahabegereye kuko ubu zabonetse

Ni agakuru keza ku bantu bose bari barasavye impapuro z’inzira bita passeporta, mu gipolisi kijejwe imbibe n’ingenzi PAFE, ubu bashobora kuzironswa ata kibazo. Bivugwa na Komiseri mukuru arongoye PAFE. Bamwe muri bo bari bazisavye kuva mu kwezi kwa Gitugutu umwaka w’2021. Maurice Mbonimpa amenyesha kandi ko batanguye no kwakira bashasha basaba ivyo bitabo vy’inzira. Akaba ahamagarira abasaba ivyo bitabo vy’inzira baza bavuye mu ntara hagati ko boza baratanga dosiye zabo mu biro vya PAFE biri mu ntara. Hari mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane.