Amakuru
28 mars 2023

Abakozi ba PAFE ku mupaka wa Gatumba basabwa guhagarika amatagisi atemewe n’amategeko

Uwurongoye igisagara ca Bujumbura aherekejwe n’abatwara ibindi bisagara vy’ibihugu bihana imbibe n’Uburundi, batanze ikiringo c’ukwezi ku bapolisi ba PAFE bakorera ku mupaka wa Gatumba, ko boba bahagaritse kwaka amafaranga atarekuwe n’amategeko. Ku bwa Jimmy Hatungimana, ivyo bikorwa yita ubusuma, ngo birabangamira abakora urudandazwa ndengambibe bakoresha uwo mupaka bagiye muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.