Amakuru
4 avril 2024

Ousmane Sonko yatanguye imibonano yo gushinga leta ije guhindura ibintu

Bassirou Diomaye Faye na Ousmane Sonko bariyemeje kudata umwanya na gato. Uwuheruka gutorwa mu kibanza c’umukuru w’Igihugu ca Sénégal ntiyatevye kugena uwamushize mu kibanza co kwitoza ngo amubere umushikiranganji wa Mbere. Ousmane Sonko na we akaba ubwo nyene yaciye atangura imibonano yo mu mwiherero yo gushinga leta nshasha. Abo bagabo babiri bakaba biyemeje ko ubutegetsi bwabo buzoza budasa n’ubwahahora na gato, aho bavuze ko bazoshira imbere ubutungane bwigenga, kurwanya igiturire mu gihugu ca Sénégal gitunganye.