Amakuru
28 mars 2024

Ibihugu vya Afrika vyategerezwa kugendera ku karorero ka demokarasi muri Sénégal (J. Ngorwanubusa)

Kuva ku munsi w’Imana itariki 24 Ntwarante, igihugu ca Sénégal kiramutswa umukuru w’Igihugu mushasha. Uwo akaba ari Bassirou Diomaye Faye afise imyaka 44. Bassirou Diomaye Faye asubiriye Macky Sall. Uwo atahora avuga rumwe na leta yatsinze amatora ku bice 54,15% vy’amajwi, imbere y’uwari ashigikiwe n’umugambwe wari ku butegetsi Amadou Bâ, yaronse ibice 36,86%. Uwo mukuru w’Igihugu mushasha akaba yatsinze ayo matora kandi yabaye yari amaze indwi zibiri zonyene avuye mu munyororo. Itorwa ryiwe rikaba ryavuzwe kw’isi, na cane cane muri Afrika, abatari bake bashima uko ayo matora yagenze, bavuga ko vyerekana ko demokarasi muri Sénégal yashinze imizi. No mu Burundi kwabaye uko nyene. Akarorero ni umugambwe MRC Rurenzangemero. Ku bwa Juvénal Ngorwanubusa awurongoye, ivyavuye muri ayo matora biri mu rutonde rw’amateka y’ico gihugu, agasaba ibindi bihugu vyo muri Afrika gufatira akarorero kuri ico gihugu ca Afrika y’uburengero. Juvénal Ngorwanubusa yabivugiye ku mboneshakure Isanganiro.