Amakuru
15 janvier 2021

N’ubu haracibonekeza ibitigiri vy’umurengera mu mabohero amwe amwe yo mu Burundi

N’ubu haracibonekeza ibitigiri vy’umurengera mu mabohero amwe amwe yo mu Burundi arenza ibitigiri vy’abafungwa. Ivyo bitigiri bikaba bituma ubuzima bw’abanyororo butoroherwa. Ibi biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT-Burundi co mu kwezi kwa Kigarama. Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’ubutungane muri iryo shirahamwe, agasaba ko ubuzima bw’abanyororo bwokwubahirizwa cane cane muri iyi minsi ikiza ca Covid-19 gisanzwe kigisibije mu gihugu c’Uburundi.