Harakwiye amatohoza yigenga imbere yo kwagiriza abantu ko ari bo bakoze ibitero ukavuga n’ababatumye. Bihanurwa n’umwigisha muri kaminuza, akaba anarongoye umugambwe MRC, Juvénal Ngorwanubusa. Ahubwo we abona ko iryo hungabana ry’umutekano rishobora kuba riva ku ngorane z’ubukene n’imibano vyugarije igihugu. Kugira bihere, abona ko hakwiye kuba ibiganiro hagati y’Abarundi bakumvikana igikwiye gukorwa. Akaba abishikirije inyuma y’aho habereye igitero ku wa gatanu w’indwi iheze mu gisagara ca Bujumbura kigakomeretsa abarenga 30. Leta y’Uburundi ikaba yaciye yihutira kwagiriza igihugu c’Urwanda kuba ari co gishigikiye abakoze ico gitero, ariko Urwanda rukaba ruvyamirira kure.
Amakuru
15 mai 2024