Amakuru
21 janvier 2021

Nta nsiguro n’imwe ishobora gutangwa yemeza ingene umuntu ashobora kwicwa n’igipolisi kandi arico kimufise

Nta nsiguro n’imwe ishobora gutangwa yemeza ingene umuntu ashobora kwicwa n’igipolisi kandi arico kimufise mu minwe. Kubw’umushingwamanza Armel Niyongere, arongoye ishirahamwe ACAT-Burundi, ngo n’ubwicanyi ndengerabutungane. Ivyo abishikiriza inyuma y’aho hapfiriye aba ex-FAB Déogratias Niyongabo yishwe ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze, na Protais Niyondiko yagandaguwe ku munsi wa mbere, bose bishwe n’abapolisi. Ivyo bikaba vyabereye muri komine Burambi, mu ntara ya Rumonge. Abo bantu babiri bakaba baregwa ko bakorana n’imirwi yitwaje ibigwanisho.