Amakuru
31 mai 2023

Nta ngorane nyamukuru iribonekeza mu kibazo co kuja mu mashure yisumbuye

Ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure yisumbuye cabandanije kuri uno wa gatatu. Catangujwe ejo n’umushikiranganji w’Indero mu Ruyigi. Abanyeshure 75 345 bo mu mwaka wa nyuma w’ishure shingiro akaba ari bo bariko barakora ico kibazo. Umushikiranganji François Havyarimana avuga ko ico kibazo kiriko kigenda neza aho yaciye hose.