Ihungabanya rya kiremwa muntu rirabandanya mu gihugu c’Uburundi na cane cane icaha c’ihohotera, ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, arongoye igisata c’amategeko mw’ishirahamwe rukristu ryishinze kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi). Mu gihe amakungu yaraye ahimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe gufasha abahuye n’ivyago vyo guhohotera kiremwa muntu, ACAT-Burundi yiyemeje gufasha abahuye n’izo ngorane mu kwitwara mu butungane mpuzamakungu. Jean Claude Ntiburumunsi arongera agahamagarira leta guhana abagirizwa icaha co gukora ihohotera hamwe n’ugushinga umurwi ukurikiranira hafi abagirizwa ico caha.
Amakuru
28 juin 2022