Amakuru
19 avril 2023

Nta muntu ahanirwa uwundi, umuryango wa Bunyoni ntiwari ukwiye kuburabuzwa kubera we

Inzu y’uwahoze ari umushikiranganji wa Mbere Alain Guillaume Bunyoni ikikujwe n’igipolisi kuva aho bamuburiye iwe ku munsi wa mbere w’iyi ndwi. Umuryango wiwe ukaba utabaza kuko babanyaze ivyo bari batunze vyose vyo mu nzu eka na bo nyene bakaba batidegemvya. Ariko rero nta na kimwe cosigura ukuntu igipolisi kibura Bunyoni hanyuma kigashira umuryango wiwe mu bihano. Innocent Muhozi, umumenyeshamakuru w’Umurundi, ariyamiriza ubutegetsi butubahiriza agateka ka zina muntu. Agasaba abategetsi gukwirikirana Bunyoni, ariko umuryango wiwe bakawureka ukaba mu mahoro.