Amakuru
25 novembre 2023

Nta modoka zizosubira gutonda zirindiriye igitoro (Ibrahim Uwizeye)

Nta gitoro cigeze kibura. Habaye akabazo hagati y’abagitanga n’ikigo OBR. Ivyo bisigurwa n’umushikiranganji w’Amasoko ntanganguvu. Ir Ibrahim Uwizeye akizeza Abarundi ko kigiye kuboneka kuko hari amakamyo akizanye ava muri Tanzaniya. Yabivuze ku munsi wa kane, yishikiye ku rubuga kuraba ingene imodoka zitonze zabuze igitoro zinywa.