Amakuru
23 juillet 2021

Nta makuru mashasha ku bijanye n’iburwa irengero ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana

Nta makuru mashasha ku bijanye n’iburwa irengero ry’umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Iwacu Jean Bigirimana, yanyurujwe kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016. Antoine Kaburahe, uwashinze ikinyamakuru Iwacu, avuga ko ataco ubutungane buravuga ku bijanye n’iryo nyuruzwa. N’aho abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bakoze amatohoza, ntibokwemeza ko ikiziga ca Jean Bigirimana coba cari mu biziga vyatowe mu ruzi Mubarazi, mu ntara ya Muramvya. Antoine Kaburahe akemeza ko bitebe bitebuke ukuri kuzotinda kukamenyekana.