Amakuru
22 octobre 2021

Nta gitsinda urukundo, Maison Shalom izokwamaho n’aho leta y’Uburundi idasiba kuyirementaniriza

Agatotezo ka leta y’Uburundi ntigashobora guca intege ikigo Maison Shalom mu bikorwa vyo gufasha abatishoboye ciyemeje. Marguerite Barankitse, yatanguje ico kigo, yabimenyesheje kuri uyu wa gatatu aho we n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’ubwami bwa Luxembourg bari baramutse batanguza igikorwa co kwubaka ishure ry’abana bato. Marguerite Barankitse akamenyesha ko iryo shure rizoba iryo kwigisha amahoro mu karere k’ibiyaga binini.