Amakuru
8 septembre 2021

Nta butungane buraboneka ku bwicanyi bw’ababikira 3 b’abataliyano inyuma y’imyaka 7

Imyaka ibaye 7 ata butungane bukoze kuri dosiye y’ubwicanyi bwa ba babikira batatu bo kw’iparuwase Guido Maria Conforti yo mu Kamenge. Abo babikira 3 b’abataliyano bishwe bunyamaswa mu kigo c’iyo paruwase, ukuri kuri ubwo bwicanyi ntikwigeze kumenyekana. Ivyo bikaba biri uko mu gihe ibimenyeshamakuru vyo mu Burundi vyari vyagerageje kugira amatohoza yari gufasha ubutungane gufata abikekwa muri ubwo bwicanyi. Bob Rugurika, umuyobozi wa radiyo RPA, ni umwe mu bamenyeshamakuru bakoze cane ku matohoza y’ubwo bwicanyi. Aratwibutsa uko vyagenze.