Amakuru
9 janvier 2024

Amajambo ya Tshisekedi yo gutera Urwanda si ayo gufata minenerwe (B. Rugurika)

Amajambo yo gutera ubwoba y’umukuru w’Igihugu ca Congo yo gusambura Kigali nta we yotera ubwoba kuko atari n’ubwa mbere abivuga. Bivugwa na Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru w’Umunyarwanda akurikiranira hafi ibibazo vy’umutekano mu karere, mu kiganiro « Club de la presse » cabaye mu mpera z’indwi iheze. Na yo umuyobozi wa Radio ijwi ry’abanyagihugu (RPA), abona ko ayo majambo ata woyafata minenerwe kuko ashobora kuba anyegeje umugambi wa kera wo guhonya imwe mu mirwi y’abanyagihugu bo mu karere.