Amakuru
7 octobre 2022

Ni ngombwa ko umurwayi agura umuti akwirikije ivyanditswe na Muganga

Nta murwayi n’umwe yari akwiye kugura umuti atandikiwe n’umuganga kugira umuti yaguze ntumutere ikibazo kivuye ko uwo muti udahuye n’indwara yiwe. Ako ni akamo gaterwa n’intumwa y’uwuserukira uwujejwe igisata ca ONU kijejwe amagara y’abantu OMS mu Burundi. Hari mu birori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abarwayi. Muganga Isidore Ntiharirizwa, umwunganizi w’umushikiranganji w’amagara y’abantu, asaba abaganga na bo ku ruhande rwabo kugaba mu gihe bandikiye umuti umurwayi.