Amakuru
22 février 2024

Ni ngombwa guha ubumenyi bukwiye abagize umurwi CENI kugira amatora azogende neza (Ntahorwamiye)

Abakozi bagize umurwi umurwi w’igihugu wo gutegura amatora ngo babwirizwa kwigishwa neza kugira ngo na bo bazotange ubumenyi bukwiye mu vyerekeye amatora, kugira ngo kandi ivyo bize bizobafashe mu gihe c’amatora bwite. Vyavuzwe na Prosper Ntahorwamiye, arongoye umurwi CENI. Hari kuri uyu wa kabiri itariki 20 Ruhuhuma aho uwo murwi watanguza inyigisho z’iminsi ine zo gukarihiriza ubumenyi abakozi bayo.