Kuba intwazangabo mu gipolisi zitemerewe kwubaka izabo imbere y’uko zikwiza imyaka itatu zikora, ngo biciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro ryo mu 2018 mu ngingo zaryo za 28 na 29. Bishikirizwa na Gustave Niyonzima, umushingwamanza arongoye urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi y’agahomerabunwa mu Burundi (CAVIB). Gustave Niyonzima akaba abivuze mu gihe abashingamateka bameje kw’igenekerezo rya 13 uku kwezi, integuro y’itegeko ribuza intwazangabo mu gipolisi c’Uburundi ko zubaka izabo zitaruzuza imyaka itatu y’akazi.
Amakuru
16 décembre 2021