Amakuru
22 mars 2022

Ni iki coba cinyegeje inyuma y’ingingo ya buramatari wa Bururi itegeka guhonya imikaratusi ?

Kuva mu ntango z’ukwezi kwa gatandatu, imirima yose igize imitumba yose y’intara ya Bururi, izohora irimwamwo ibiterwa vyo gufungura, nayo ibiti vyose vy’imikaratusi bizoba vyasubirijwe n’ibindi biti binywa amazi make. Izo ngingo ziri mw’itangazo ryateweko umukono na buramatari w’iyo ntara ya Bururi. Uwutazoshobora kwubahiriza iyo ngingo, itongo ryiwe azoryakwa rishikirizwe uwuzoshobora kuritunganya.