Amakuru
20 janvier 2022

Ni ama sentare mpuzamakungu ashobora guca imanza z’ivyaha bifatiye ku gitsina vyakozwe mu Burundi

Gukurikirana abakoze amabi afatiye ku gitsina yakozwe mu Burundi kuva mu mwaka w’2015, ntibishoboka muri bino bihe Uburundi burimwo. Ubutungane mpuzamakungu nibwo bwoshobora kubakurikirana na cane cane sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI. Ivyo biri mu mwihwezo wagizwe n’Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS) uri kumwe n’Urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi akurikiranwa n’amasentare mpuzamakungu mu Burundi (CAVIB). Kubw’umushingwamanza Emmanuel Nkengurutse, ari mu batanguje urunani CAVIB, ivyaha vyakozwe ahanini harimwo gusambanya abantu ku nguvu, gutwaza inda ku nguvu, kuborezwa igufa canke gutotezwa bifatiye ku gitsina.