Amakuru
4 octobre 2022

N’aho Nkurunziza yashengeye, ikiringo ca 3 caheze, urubanza rwaciwe na Sentare ya EAC rwoja mu ngiro

Mu rubanza Sentare y’Umuryango wa Afrika y’ubuseruko ivuga ko yaciye ku wa 25 Munyonyo 2021, iyo Sentare yemeza ko ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza cahonyanze amategeko. Ariko kubera ko uwo mukuru w’Igihugu yamaze gushengera, n’ico kiringo kikaba caraheze, leta y’Uburundi ibona ko urwo rubanza ata kamaro rufise.