Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwamuntu (ACAT-Burundi) ririyamiriza inyifato y’abarongoye amabohero atandukanye mu gihugu bima abanyororo uburenganzira bwo kwivuza. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, atanga akarorero ka Laurent Niyonkuru apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Rutana. Uwo yahoze mu ntwazangabo mu gisirikare c’Uburundi yarankiwe kubonana n’umuganga w’amaso hirengagijwe uruhusha yari yahawe bita transfert. Umushingwamanza Ntiburumunsi amenyesha ko mwene izo ngingo zifatirwa cane cane abapfungiwe imvo za politike.
Amakuru
17 février 2022