Amakuru
27 mai 2023

Nabwiye CVR izina ry’Umututsi yishwe urw’agashinyaguro muri 72 ariko yaciye yandika ko yari Umuhutu

Uguhindura n’ibigirankana amakuru CVR iba yahawe hamwe no kubeshera abanditse ibitabo ku bwicanyi bwo mu mwaka w’1972 mu kubavugira ibitari vyo, vyerekana ko uwo murwi udafise intumbero yo kunywanisha. Bivugwa na Novat Nintunze, yagize ubushakashatsi ku bwicanyi bwabereye mu bumanuko bw’igihugu mu mwaka w’1972. Abivuze inyuma y’aho umurwi wo kuvugana ukuri no kunywanisha Abarundi, CVR, uhakaniye ko ata murwi w’abitwaje ibirwanisho wateye Uburundi mu 1972. Novat Nintunze amenyesha ko we nyene amakuru yihereye CVR yayahinduye ikamubeshera ivyo yishakiye.