Amakuru
13 janvier 2024

« N’Abanyarwanda baba ku gataka kacu twabirukanye » (Martin Niteretse)

Ingingo yo kwugara imipaka hagati y’Uburundi n’Urwanda yaraye ifashwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 11 Nzero. Vyatangajwe n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu. Martin Niteretse yariko aremesha inama n’abajejwe intwaro mu ntara ya Kayanza. Ku bwiwe, umukuru w’Igihugu c’Urwanda ni umubanyi mubi. Akaba anamenyesha ko n’Abanyarwanda baba mu Burundi bagiye kwirukanwa.