Amakuru
16 septembre 2022

Muganga Sahabo akwiye gutezurirwa, hisunzwe ingingo zafashwe n’Inama y’abanyamitahe ba Kira Hospital

Inyuma y’ingingo zafashwe n’inama y’abanyamitahe b’ibitaro Kira Hospital, Muganga Christophe Sahabo yotegerejwe guca atezurirwa ata kindi gisabwe. Uwo ni umuco w’umushingwamanza Gustave Niyonzima, akurikiranira hafi iyo dosiye. Ku bwa Gustave Niyonzima, ivyizwe n’abanyamitahe ntibiharirizwa, na cane cane ko babicishije ku wemeza ko ivyakozwe n’abo banyamitahe vyubahirije amategeko.