Amakuru
20 juin 2024

Mu myaka 4 y’ubutegetsi, Ndayishimiye yemeye vyinshi, ariko hagumye hari ibibazo vyinshi (OLUCOME)

Umukuru w’Igihugu Évariste Ndayishimiye yemeye ivyo azokorera igihugu vyinshi mu myaka ine iheze, ariko biracari mu majambo. Igihugu gihanzwe n’ibibazo vyinshi, harimwo amafaranga ariko arata agaciro ku rugero runini, bikunyurwa n’umurindi munini w’igwirirana ry’abantu, n’urugero runini cane rw’urwaruka rutagira akazi kugira rwibesheho. Bivugwa n’uwurongoye ishirahamwe OLUCOME rirwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya leta. Mu vyo Gabriel Rufyiri ashima, harimwo kuba umukuru w’Igihugu amaze gushiraho ivyipfuzo n’amategeko amwe amwe n’aho bitarashirwa mu ngiro. Akabona ko ivyo vyipfuzo mu gihe bitoshirwa mu ngiro, vyohinduka imvugo zo kwiyamamaza gusa.