Amakuru
14 avril 2023

Mu minsi iza hari ivyibutso vya génocide yakorewe Abatutsi bizokwandikwa muri UNESCO

Urwanda ruriko rwitegurira kwandikisha ivyibutso vy’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi muri UNESCO. Ivyo bimenyeshwa n’umushikiranganji w’Ubumwe, Dr Jean Damascène Bizimana. Yabimenyesheje igihe hasozwa kuri uno wa kane indwi yo kugandarira abahitanywe n’ako gahomerabunwa kakozwe mu 1994. Kubwa Jean Damascène Bizimana, ngo ivyo vyibutso vyanditswe muri UNESCO, bizofasha kumenyekanisha kurusha ivy’ayo mabi, kugira ntibizosubire gukorwa kw’isi.