Amakuru
9 novembre 2023

Mu kurwiza amakori ava mu gisata c’ubutare, Inama nshikiranganji yemeje itegeko rishasha

Uguhagarika amasezerano yo kwimba ubutare imbere y’uko hashirwaho itegeko rishasha kwaremejwe n’Inama nshikiranganji yo kuri uyu wa mbere. Bivugwa na Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa leta y’Uburundi. Amenyesha ko ivyo vyemejwe mu ntumbero yo kwongereza amakori ava mu gisata c’ubutare.