Amakuru
3 février 2023

Mu gihe hari uwutewe, uwutagira aho ahagaze aba ashigikiye uwuriko agirira nabi uwundi

Ukutagira aho uhagaze mu bihe nk’ibi aho igihugu cibaza ko gishobora gufuta ikindi gihonyanze ubwigenge bwaco, bisigura ko leta y’Uburundi ishigikiye umugambi w’Uburusiya wo gukandamiza Ukraine. Bivugwa na David Gakunzi, umumenyeshamakuru akaba n’umwanditsi, akaba yibutsa ko Uburusiya buriko burahonyanga amasezerano ya ONU akingira ibihugu bidafise inguvu, harimwo vyinshi vyo ku mugabane wa Afrika. Ku bwa Gakunzi, ibihugu vyose vyari bikwiye kwiyamiriza iyo ngendo y’ibihugu bimwe bimwe vyiyita ko bikomeye, kugira ejo ntidusange natwe twashikiriwe.