Amakuru
4 septembre 2021

Mu gihe badahawe agahembo kabo, abakozi ba ONATEL bokwitwarira Leta

Abakozi ba ONATEL bategerezwa guhembwa amafaranga yabo, nk’uko amategeko abitegekanya. Gabriel Rufyiri ati bitegerezwa gukorwa n’aho iryo shirahamwe ryoba rimerewe nabi. Ngo bitabaye ukwo, bazoshengeza Leta imbere y’ubutungane kandi barutsinde.