Amakuru
14 novembre 2022

Mu Burundi hashobora kwubakwa ARENA no gushingwa urukino rushasha rwa 3 kuri 3 muri basket

Uburundi bushobora kuzokwubaka mu minsi iza ikibuga kigezweho ca CNO c’inkino z’amaboko basketball. Ivyo vyavuzwe na Anibal Manave, arongoye ishirahamwe rya Afrika rya basketball. Yabivugiye ashitse ku kibuga c’indege c’i Bujumbura kuri uyu w’Imana. Akaba yaje mu Burundi mu ntumbero yo kugirana ibiganiro n’abarongoye uwo mukino mu Burundi. Uwo arongoye FIBA akaba mbere azonavugana n’abarongoye umurwi w’igihugu wa olempike, CNO, ku bijanye no gutanguza umukino mushasha wa basketball wa 3 kuri 3.