Amakuru
2 mai 2024

MONUSCO yamenyesheje ko ikiringo cayo caheze muri Congo

Igisata ca ONU cahora kijejwe umutekano muri Congo (MONUSCO) caraye kimenyesheje ko ibikorwa vya co bihagaze kuva ku wa kabiri itariki 30 Ndamukiza mu karere ka Kivu y’ubumanuko. Iyo ngingo ikaba imenyeshejwe inyuma y’aho leta ya Congo isabiye ko bava muri ico gihugu, bishimangirwa n’ingingo ya ONU bita résolution igira iya 2717 y’inama ya ONU ijejwe umutekano yo muri Kigarama mu 2023. Iryo shirwa mu ngiro rikaba ryerekana isura nshasha ya Congo mu myaka irenga 20 yari imaze icungerewe umutekano na ONU bitabuza n’uko abanyagihugu bakorerwa amabi atandukanye.