Amakuru
19 septembre 2022

MONUSCO ntishobora gutsinda M23 kubera uwo muhari ufise ibirwanisho bikomeye kurusha

MONUSCO ntishobora gutsinda M23. Ivyo ni António Guterres avyiyemerera. Umunyamabanga mukuru wa ONU avuga ko uwo muhari ufise ibirwanisho rutura biruta ivya MONUSCO. Agahamagarira ibihugu vya Congo, Urwanda n’Ubuganda kwicarana kugira bitorere umuti urama ikibazo c’umutekano mu karere. Yabivugiye mu kiganiro yahaye bagenzi bacu bo muri France 24 na RFI.