Amakuru
21 septembre 2022

Macky Sall asaba imfashanyo mw’irwanywa ry’iterabwoba muri Afrika n’iserukirwa muri G20

Abakuru b’ibihugu bitandukanye kw’isi bagera kw’150, bakoraniye mu nama igira iya 77 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Imbere y’iryo koraniro kuri uyu wa kane, Macky Sall, arongoye igihugu ca Sénégal akaba ari we anarongoye Ubumwe bwa Afrika, yahamagariye Inama y’umutekano ya ONU kwitaho kurusha kurwanya iterabwoba muri Afrika. Ntiyibagiye gusubira kwibutsa ko Ubumwe bwa Afrika bukenewe guserukirwa mu murwi G20 uhurikiyemwo ibihugu rutura kugira ngo Afrika ihebe iserukirwe mu bafata ingingo kw’isi.