Amakuru
21 octobre 2021

Luxembourg ifadikanije na Maison Shalom yiyemeje gufasha abana b’Abarundi bakozweko n’ingwano

Gufasha abana b’Abarundi bakozweko n’urwimo rw’intambara niyo ntumbero y’ubwami bwa Luxembourg mu gushigikira ikigo Maison Shalom. Bivugwa na Franz Fayot, umushikiranganji w’Imigenderanire ya Luxembourg n’ayandi makungu. Akamenyesha ko igihugu ciwe kibandanya gishigikira ikigo Maison Shalom nk’uko camye kibikora kuva mu myaka y’1990.