Amakuru
13 juin 2023

Leta y’Uburundi yemeje ingingo nshasha zigenga politike y’uburaro

Gushira imbere inyubako z’amazu agerekeranyeko mu bibanza bitimbuka cane, hamwe n’ukwubaka amazu azogenda ararihwa buke buke, ni zimwe mu ngingo zizofasha muri politike nshasha y’uburaro mu Burundi. Izo ngingo zikaba zemejwe mu nama nshikiranganji mu ndwi iheze. Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa leta, amenyesha ko kuva mu mwaka w’1990 gushika mu w’2022 ibibanza vyo kwubakamwo vyatangwa n’inzego za leta bitigeze bikwira ababisaba.