Amakuru
4 novembre 2023

Leta y’Uburundi yamye irangwa no guhakana ubwicanyi (umuhari Inamahoro)

Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano uriyamiriza imvugo yo guhakana ubwicanyi budasiba guhitana inzirakarengane harimwo n’ubugizi bwa nabi bwo gufata abakenyezi n’abakobwa ku nguvu. Uwo muhari ukaba unegura ingene abari bagize umurwi wavuye mu Burundi bavuga rumwe mu kubihakana imbere y’umurwi wa ONU ujejwe kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, mu kwemeza ko mu Burundi hari amahoro n’umutekano. Ariko rero, ibibazo uwo murwi wababajije, vyari bifatiye ku vyegeranyo bitandukanye vyaba ivyo mu gihugu hagati eka n’ivyo hanze. Jacqueline Habonimana, kw’izina ry’umuhari Inamahoro, akaba yabishikirije mu kiganiro « Agateka k’umukenyezi » gica ku mbuga za Télé Renaissance.