Amakuru
3 juillet 2021

Leta y’Uburundi niyo yategerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ubwicanyi bumaze iminsi buba buhagarare

Leta y’Uburundi niyo yategerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ubwicanyi bumaze iminsi buba buhagarare. Bivugwa n’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS). Umushingwamanza Immaculée Hunja awurongoye, yaboneyeho no guhoza imiryango imaze iminsi ihekurwa, na cane cane iyiherutse kubura abishwe urw’agashinyaguro muri komine Rutegama, mu ntara ya Muramvya.