Amakuru
8 janvier 2021

Leta y’Uburundi irakwiye gutunganya icunamo mu kwibuka abarundi bagandaguwe mu ndyane zo mu 1972

Leta y’Uburundi irakwiye gutunganya icunamo mu kwibuka abarundi bagandaguwe mu ndyane zo mu 1972, ikongera igasaba ikigongwe imiryango y’abahitanywe n’ubwo bwicanyi. Ivyo ni bimwe mu vyasabwe n’umurwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi, igihe bashikiriza icegeranyo c’ivyaranguwe mu mwaka uheze imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka. Pierre Claver Ndayicariye, arongoye uwo murwi, aranasaba Leta ko yotunganya itegeko risubiza agateka abishwe ko ari abamenja mu ntumbero yo gusubiza hamwe abarundi.